Kugurisha imitahe y'Igikombe c'Isi ku bikorera utwabo: Gianni Infantino yarengeje urugero?

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 6

Kugurisha imitahe y'Igikombe c'Isi ku bikorera utwabo: Gianni Infantino yarengeje urugero?

Gianni Infantino arongoye ishirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi avuga ko ari umugambi ufise intumbero yo kwugururira umupira w'amaguru abantu bose.

Yamara, itangazo rya FIFA rivuga ko ishaka kugurisha imitahe yo mu mahiganwa yayo y'umupira w'amaguru - harimwo n'Igikombe c'Isi - ku bikorera utwabo, biciye ku bahuza basanzwe ari abafatanyabikorwa ba Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump.

Uwo mugambi waratangaje wongera urashavuza cane abafana, abanyapolitike hamwe n'inzego zijejwe umupira w'amaguru mu mihingo itandukanye y'isi.

Insiguro nyamukuru Infantino atanga mu kuwusigura, ni uko ayo masezerano amaze kuja mu ngiro, igihugu cose kiri muri FIFA kizoronswa imfashanyo ya miliyoni 40 z'amadolari y'Abanyamerika yo guteza imbere umupira w'amaguru.

Infantino yashinze uwa 19 Nyakanga (9), nk'itariki ntarengwa kugira amashirahamwe y'umupira w'amaguru yo mu bihugu bigize FIFA abe yemeje uwo mugambi. Ayo mashirahamwe niyamara kuwemeza, rimwe ryose rizobanza guhabwa ingunga ya mbere y'imiliyoni 20 z'amadolari kuri za miriyoni 40 zizoba zitegekanijwe.

Ni yo ngingo ikomeye cane kandi y'ukwubahuka kurusha izindi zose zafashwe n'uwo Munya Suisse, yibona nk'indongozi y'isi ku rugero rumwe n'abakuru b'ibihugu canke abashikiranganji, mu myaka cumi iheze kuva atorewe kurongora FIFA.

FIFA niyashobora gutuma uwo mugambi wemezwa, izoba ikomeje cane ububasha bwayo mu myaka myinshi iri imbere, kandi abanyamitahe bazowungukiramwo.

None ni igiki gituma Gianni Infantino yiyumva afise ububasha buhagije bwo gushira mu ngiro ingingo itavugwako rumwe kandi iriko itera impari? Mbega ho ingaruka uwo mugambi ushobora kugira ni izihe?

Gianni Infantino yoshobora gushitsa uwo mugambi wiwe gute, canke yohagarikwa gute?

Gianni Infantino afise ugushigikirwa guhagije gutuma benshi babona ko uwo mugambi ufise amahirwe menshi yo gushirwa mu ngiro.

Kuva atorewe kurongora FIFA mu 2016, Infantino yamye ashigikiwe cane n'ibihugu vyinshi vyo muri Afrika, Aziya n'Amerika, vyungukiye ku ngingo zitandukanye zirimwo amafaranga yagiye arafata.

Muri izo ngingo harimwo kwagura Igikombe c'Isi kikava ku mirwi 32 kikaja ku mirwi 48, kwongereza amafaranga ava mu burenganzira bwo gutangaza inkino no mu masezerano y'ubudandaji bigenzurwa na FIFA, hamwe n'umugambi utanga buri mwaka miliyoni z'ama Euro ku mashirahamwe y'umupira w'amaguru yo mu bihugu bigize FIFA.

Ivyo bituma Infantino agira umurwi ukomeye w'abamushigikiye, urenga kimwe ca kabiri c'amashirahamwe 211 agize FIFA.

Mu gufata ingingo muri FIFA, hasabwa ubwiganze bw'amajwi busanzwe. Ivyo bisigura ko iyo abarenga kimwe ca kabiri c'abanywanyi bayo batoye bashigikira umugambi, umugambi wa Gianni Infantino uca utangura gushirwa mu ngiro.

Uwo mugambi ushobora gukwegera ibihugu vyinshi, na cane cane ibiri hasi mu rutonde rw'ibihugu bikomeye mu mupira w'amaguru, kuko kuronka miliyoni 20 z'amadolari y'Abanyamerika vyobirutira amafaranga bisanzwe bimaze imyaka myinshi vyinjiza.

Ugushigikirwa afise gusa n'aho ari kwo kwatumye Infantino arushiriza gufata ingingo z'ukwubahuka n'ukurinda gose. Nk'akarorero, ingingo zo gushiraho akaruhuko ko kunywa amazi mu nkino hamwe no gutanguza ibiteramo vy'umuziki mu karuhuko k'igice ca mbere n'ica kabiri c'urukino mu Gikombe c'Isi, zafashwe n'uburongozi bwiwe ata matora arinze kuba. Mu bisanzwe, izo ngingo zari gufatwa nk'izidashoboka mu myaka 10 iheze igihe yatangura kurongora FIFA.

Kandi inyuma y'imyaka myinshi Infantino agerageza gukomeza imigenderanire yiwe, n'iya FIFA na Donald Trump, ubucuti bwa hafi afitaniye na Perezida wa Amerika bufise akamaro kanini mu gushitsa uwu mugambi wiwe.

Infantino yarashizeho agashimwe ka FIFA k'Amahoro, maze agaha Donald Trump. Yaruguruye kandi ibiro vya FIFA mu nyubakwa Trump Tower i New York. Yaranemeye ko igikombe c'Isi c'imirwi gishingurwa mu biro bikuru vya Perezida wa Amerika.

Mu ndwi iheze, Infantino yakoresheje amajambo asa cane n'aya Trump, igihe yasohora itangazo avuga ko abanegura bimwe mu bijanye n'ukuntu Igikombe c'Isi categuwe ari "abazingamitswe n'urwanko hamwe n'umutima wo kwama banegura."

Ikigega c'imitahe citwa 'Thrive Capital' kiriko gikorana na FIFA, kirongowe na Josh Kushner, murumuna wa Jared Kushner, umukwe wa Donald Trump.

Vyongeye, uwo mugambi wa Infantino bivugwa ko wiyumviriwe harabiwe ku kuntu inkino nyinshi zo muri Amerika zitunganijwe. Nk'akarorero, ivya Formula 1 vyaciye mu nzira isa n'iyo igihe yagurwa na Liberty Media mu 2017. Kandi Greg Maffei, yahoze ari umuyobozi mukuru wa Liberty Media, yabaye umujenama mukuru wa FIFA mu vy'ubudandaji muri uwo mugambi uzwi nka FFE.

Bivugwa mbere ko uwo Munyamerika yigeze no gutanga intererano zo gushigikira ibikorwa vy'imyiyamamazo vya Donald Trump mu matora.

Infantino n'abanyamitahe bavyungukiramwo iki?

Uwo mugambi niwemezwa, FIFA izoca ironkera amafaranga menshi ica rimwe. Nk'uko biri mw'ikete Gianni Infantino yarungikiye igihugu cose kiri muri FIFA, igice c'amafaranga kigenewe amashirahamwe y'umupira w'amaguru yo mu bihugu kizotangura gutangwa kuva ku wa 1 Nzero (1) 2027.

Muri iryo kete yagize ati: « Ni mwebwe gusa mufise uburenganzira bwo kwemeza canke kwanka uwo mugambi. »

« Ico tubasaba ni ukutwizigira. Ibindi vyose bizoguma uko biri. »

Ubutumwa buri muri ayo majambo buratomoye: nimutore mudutungishe gurtyo natwe tuzobatungisha.

Ariko rero, buri Gikombe c'Isi cinjiza amafaranga menshi kurusha igiheruka. Mu myaka ine iri imbere, agaciro kaco gashobora kuzoba kari hejuru cane y'uko kameze ubu, kandi kazorushiriza kwiyongera inyuma y'iyindi myaka ine.

Nimba FIFA igurishije imitahe ubu, abarwizatunga bikorera ivyabo bazokwungukira ku kwiyongera kw'ayo mafaranga mu myaka iza, aho kuba FIFA ubwayo n'umupira w'amaguru ari vyo vyonyene bivyungukirako.

Ikindi, FIFA ni ishirahamwe ridaharanira inyungu ryanditswe mu mategeko y'Ubuswisi. Ivyo bisigura ko, nimiburiburi mu vyiyumviro, intumbero nyamukuru yaryo ari uguteza imbere umupira w'amaguru ku gihe kirekire, aho kuba ukurondera inyungu z'amafaranga.

Ku bw'ivyo, abazokwungukira cane kuri uwo mugambi bishobora kuba ari bimwe mu bihugu bidakomeye cane mu mupira w'amaguru, abikorera ivyabo, hamwe na Gianni Infantino ubwiwe.

Kubera iki Gianni Infantino na Aleksander Čeferin batavuga rumwe, canke ayo matati ashobora kurangira gute?

Umugambi wa Gianni Infantino wongereje amatati yari asanzwe hagati yiwe na UEFA, urwego rujejwe gutunganya no guhagararira umupira w'amaguru ku mugabane wa Buraya, rukaba ari na rwo rufise ububasha n'ubutunzi bwinshi kurusha izindi nzego zo ku migabane.

Perezida wa UEFA, Aleksander Čeferin, yaranse kwitaba urukino rw'igice ca nyuma rw'Igikombe c'Isi mu kugaragaza ko atemera ingingo FIFA yafashe yo gukuraho igihano cari cafatiwe umusatirizi w'Umunyamerika Folarin Balogun, inyuma y'uko Donald Trump avyivanzemwo.

Iyo ngingo yakurikiye izindi UEFA yari imaze gufata zigaragaza neza ko itazokurikira politike ya FIFA ku bibazo bivyura impari, harimwo ibijanye no guhindagura ibiciro vy'amatike bivanye n'ukwo isoko ryifashe hamwe no gushiraho uturuhuko two kunywa amazi hagati mu nkino.

Kimwe mu bituma ayo matati abandanya gukomera ni uko FIFA yasubiyemwo, yongera iragura, Igikombe c'Isi c'imirwi (FIFA Club World Cup). Ubu mbere gitanguye kubonwa nk'ikibangamiye cane UEFA Champions League.

Imbere y'aho, UEFA ni yo yonyene yari ifise ihiganwa mpuzamakungu rihuza imirwi ikomeye kuruta iyindi, rikagaragaza abakinyi beza kurusha abandi kw'isi. Iryo higanwa rikurikirwa n'amamiliyaridi y'abafana hirya no hino kw'isi rikinjiza n'amafaranga menshi cane.

Amashirahamwe amwe amwe y'umupira w'amaguru yo mu bihugu bitandukanye yarerekanye ko atashimishijwe n'ukuntu yamenye uwo mugambi ari uko gusa FIFA iwushize ahabona. N'ubwo biri uko, amatangazo menshi amaze gusohoka gushika ubu ntiyiyamiriza ku mugaragaro ingingo nyamukuru yo kugurisha imitahe muri ayo mahiganwa.

Yamara, BBC Sport yamenye ko abanywanyi batari bake ba UEFA bashavujwe cane n'uwo mugambi, kandi ko hitezwe gutumwako inama yo kwihweza icokorwa kuri ico kibazo.

Ku wa kabiri, UEFA yatangaje ko umugambi wa FIFA ari "ugukoresha inkino zacu kugira bo (FIFA) n'abagenzi babo bironkere ubutunzi."

Hari amakuru avuga ko ibihugu vy'i Buraya bishobora gufata ingingo yo kwanka kwitaba Igikombe c'Isi. Iciyumviro kiri inyuma y'ivyo ni uko Igikombe c'Isi kititabwe n'ibihugu vy'i Buraya cotakaza cane agaciro n'igikundiro gifise, ivyo bikaba vyobera ikibazo gikomeye FIFA.

Ariko rero, amahirwe y'uko ivyo vyoshika aracakekeranywako.