Indege 10 z'intambara zihambaye kurusha izindi kw'isi mu 2026

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 5

Ibihugu bifise ibirwanisho bikomeye kurusha ibindi kw'isi ni na vyo ahanini bifise canke bikora indege z'intambara z'ubushobozi bwo ku rugero rwo hejuru. Zimwe ziragurishwa ku bindi bihugu, ariko hari n'izindi zitagurishwa na gato.

Urutonde rw'indege za gisirikare 10 zihambaye kurusha izindi kw'isi mu mwaka wa 2026, rwakozwe hisunzwe ubushobozi bwazo ku rugamba. Harafatiwe kandi no ku bushobozi bwazo bwo gukwepa misire, kubona no gutahura umwansi, kwegeranya amakuru, kurasa no kugema, hamwe n'ivyo zimaze gushikako ku rugamba.

Urunganwe rwa "gatanu", ni rwo rw'indege ziri kw'isonga mu zihambaye kurusha izindi. Hakurikira urunganwe rwa 4.5

Uru rutonde rwashizwe ahabona n'urubuga rukurikirana ivy'indege n'ivy'ubuhinga bwo mu kirere, Aero Corner.

Lockheed Martin F-22 Raptor

Indege ya gisirikare yo mu bwoko bwa F-22 yo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ni yo ifatwa nk'iyirusha ubushobozi izindi zose zimaze kubaho. Ifise ivya ngombwa vyose bituma ifatwa nk'iyidasanzwe, ikaguruka ku muvuduko w'ibirometero 2.410 kw'isaha.

Ifise imoteri zibiri zo mu bwoko bwa F119. Irashobora kurasa ikagema ikintu kiri kure cane. Umuvuduko munini, ubushobozi bwo kutabonwa na 'radar' hamwe n'ubuhinga bwayo mu kuguruka, ni vyo bituma iza mu kibanza ca mbere.

F-22 Raptor ni bwo bwoko bw'indege za gisirikare zo ku rwego rwo hejuru Amerika yanse kugurisha mu mahanga. Itegeko ryatowe mu 1998 ryarabujije kuyigurisha ku bindi bihugu kugira bakingire ubuhinga bwayo bw'ibanga bwo kutabonwa na radar, hamwe n'ubundi buhinga bwa gisirikare.

Ikorwa ry'izi ndege ryarahagaze mu mwaka wa 2011. Ni co gituma muri iki gihe F-22 Raptor ziharurwa mu ndege nke cane kw'isi.

Lockheed Martin F-35 Lightning II

F-35 ishobora kuguruka ku muvuduko w'ibirometero 1.930 kw'isaha. Iyi ndege ihuriza hamwe amakuru ava kuri radar, amashusho hamwe n'ubuhinga bw'intambara, ku buryo umupilote abibona mw'ishusho imwe gusa. Ivyo bituma ashobora kubona umwansi no kugema ico akeneye kurasa vyoroshe.

F-35 iri ubwoko butatu. Hari urunganwe rwa mbere, urwa kabiri n'urwa gatatu. Yarakoreshejwe mu bitero bitandukanye vyo mu kirere. Co kimwe na F-22 Raptor, iri mu ndege za gisirikare za Amerika zirusha izindi ubushobozi.

Gushika mu mwaka wa 2026, hamaze gukorwa indege zo mu bwoko bwa F-35 zirenga 1.100. Mbere haracari n'izindi ziriko zirakorerwa ibihugu birenga 12, vyaziguze. F-35 zifatwa nk'imwe mu nkingi zikomeye za gisirikare mu bihugu vyo mu Burengero.

Chengdu J-20 Mighty Dragon

Indege ya gisirikare J-20 ni iy'Ubushinwa. Ni yo ihanganye cane n'indege za gisirikare za Amerika. Yakozwe ku buryo ishobora kugaba ibitero ku bibanza canke ibintu bihambaye cane, harimwo ubwato bw'intambara, indege zikoreshwa mu kunywesha izindi mu kirere n'indege z'ama radar zikoreshwa mu gucungera ikirere.

J-20 itwara misire zo mu bwoko bwa PL-15, zishobora kugenda ku muvuduko w'ibirometero 2.469,6 kw'isaha. Ugukorwa kw'iyi ndege kuriko kuriyongera ku murindi munini kuruta uw'izindi zose zo mu runganwe rwa gatanu, kiretse F-35.

Sukhoi Su-57 Felon

Su-57 ni iy'Uburusiya. Ni indege ya gisirikare yo mu runganwe rwa gatanu. Izi ndege ziracari nke, kandi amakuru menshi yerekeye ubushobozi bwazo ntaramenyekana neza canke ngo yemezwe.

Su-57 ikozwe ku buryo yorohereza umupilote kuyigenzura. Kandi ifise imoteri yihuta cane. Yamara, ifise n'intege nke: irashobora kubonwa na radar bitagoranye, kandi ubunini bwayo na bwo burayigora ku rugamba.

Eurofighter Typhoon

Eurofighter Typhoon ni indege ifise ubushobozi bukomeye ku buryo bitoroshe ko ibonwa na radar. Iza mu kibanza ca mbere mu ndege z'urunganwe rwa 4.5.

Ikoreshwa cane cane n'Ubwongereza, Ubudagi, Ubutariyano na Espagne. Hari n'ibindi bihugu vy'uburengero vyayiguze. Ishobora kuguruka ku muvuduko ushika ku birometero 1.320 kw'isaha. Ikoresha misire yo mu bwoko bwa Meteor.

Iyi ndege ifise radar yo mu bwoko bwa AESA (Active Electronically Scanned Array), ituma Typhoon ishobora gutahura no guhangana n'ibitero canke ibindi vyose bishobora kubangamira umutekano, harimwo n'ibigoye kubona cane.

Dassault Rafale

Rafale y'Ubufaransa ni indege ya gisirikare iri mu zihambaye yo mu runganwe rwa 4.5. Irakora bigashimwa iyo iriko iragaba ibitero, ikagira n'ubushobozi buteye imbere gose bwo guperereza.

Ishobora kuguruka ku muvuduko ushika ku birometero 1.320 kw'isaha, igatwara misire zo mu bwoko bwa Meteor.

Igitandukanya Rafale na Eurofighter Typhoon ni uburyo bwayo buhanitse bwo kwikingira bwitwa SPECTRA, bumwe mu buhinga budasanzwe. Yarerekanye kandi ubushobozi bwayo mu ntambara zabereye muri Libya, Mali, Irak na Siriya.

Kugurishwa kwayo mu bihugu nk'Ubuhindi, Misiri, Emirats Zunze Ubumwe z'Abarabu, Qatar n'Ubugiriki, vyatumye Rafale iba indege ya gisirikare y'Ubufaransa igezweho izwi cane ku rwego mpuzamakungu.

Boeing F-15EX Eagle II

F-15EX ni imwe mu vyemeza ko indege zo mu myaka ya 50 zigifise ubushobozi bwo kuguma ku rugero rwo hejuru kw'isi.

Ishobora kuguruka ku muvuduko ushika ku birometero 2.655 kw'isaha. Ishobora no gutwara misire nyinshi kuruta izindi ndege zose z'intambara.

Ntiyakozwe mu buryo bwo kutabonwa na radar. Ni co gituma kenshi ikoreshwa nk'indege ifasha mu kwunguruza misire nyinshi ziraswa kure.

Saab JAS 39 Gripen E

Gripen E ni yo ndege y'intambara ihwahutse cane kurusha izindi kw'isi. Ifise moteri imwe inyaruka rwose, ikagira radar ya kijambere yo mu bwoko bwa AESA, hamwe n'ubuhinga buhanitse bwa elegitronike. Itwara misire zo mu bwoko bwa Meteor. Yakozwe ku buryo ishobora kugwa mw'ibarabara igashobora no gusunikwa n'abantu bakeya. Ukuntu ikorwa, ni imwe mu nzira zifasha kugabanya uburyo bw'amafaranga.

Boeing F/A-18E/F Super Hornet

Super Hornet ni iyindi ndege ya gisirikare ya Amerika. Ifise imoteri zibiri. Iranyaruka cane ikagira na radar yo mu bwoko bwa AESA.

Ifise ubushobozi bwo gukora ibintu vyinshi ica rimwe ku rugamba, harimwo gutwara ibirwanisho vy'ubwoko bwinshi.

Sukhoi Su-35 Flanker-E

Su-35 ni indege ya gisirikare y'Uburusiya. Iri mu ndege zihuta kuruta izindi, ikagira n'ubushobozi bwo gushika kure cane ku rugamba. Ifise radar ikomeye kandi itahura umwansi mu buryo bwihuta.

Iyi ndege ni yo isozera urutonde rw'indege 10 za gisirikare zirusha izindi ubushobozi kw'isi mu mwaka wa 2026.