Kubera iki mu myaka 500 iheze kugira ubwato burengane mu muhora wa Hormuz bwategerezwa gusaba uruhusha?

Iminwa y'ibikoho bikomeye yarabishijwe mu kiyaga, ibi bikoho biri mu kibanza c'impome z'amabuye zubatswe n'abasirikare ba Portugal kw'izinga rya Hormuz.

Ahavuye isanamu, Mathess via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Iminwa y'ibikoho bikomeye yarabishijwe mu kiyaga
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 3

Muri Kigarama (12) mu 1602, umudandaza wo ku kivuko ca Basora mu Buhindi yashaka kurungika ubwato bwiwe mu rugendo aho bwari guca mu muhora wa Hormuz butwaye umuceri. Ariko kugira ashike iyo yaja, kuba yari afise ubwato n'ibidandazwa ntivyari bihagije.

Abategetsi b'Abanya Portugal ni bo bategerezwa gutanga urupapuro rwitwa « Kartaz » kugira urwo rugendo rushoboke. Urwo rupapuro rwaba rurimwo amakuru yose yerekeye ubwato, inzira bwategerezwa gucamwo, amategeko n'ivyo bwasabwa kwubahiriza. Muri ico gihe, Portugal yarondera kugenzura uruja n'uruza muri uwo muhora ikoresheje ubwato bwayo bw'intambara n'ibirindiro vya gisirikare vyari muri ako karere. Kutagira 'Kartaz' vyashobora gutuma ubwato n'imizigo bifatwa.

Igopi y'urwo rupapuro iracabitswe muri « Bureau des Kartaz », ni ukuvuga ibiro (canke ikibanza) bishingurwamwo inyandiko zo muri kahise zifitaniye isano na Kartaz muri reta ya Goa, mu Buhindi.

Nagendra Rao na P.K. Sudarshan, abigisha bo kuri kaminuza ya Goa, mu bushakashatsi bwibanda kuri ivyo biro bagize, bavuga ko Kartaz muri rusangi yamara ikiringo c'umwaka umwe, kandi igiciro cayo kigashingwa bivanye n'iyo ubwato bwaja hamwe n'ubwoko bw'urugendo.

Rao yabwiye BBC Persian ati: « Abanya Portugal basaba amafaranga kugira batange urwo rwandiko, ariko mu vy'ukuri rwari nk'urwandiko rw'uruhusha rwafasha abadandaza kurengana mw'ibahari Indiyano batwaye imizigo n'ibidandazwa vyabo ata kwicura ibitero vy'Abanya Portugal n'ubwato bwabo bw'intambara. »

Mu ntambara ya vuba hagati ya Irani na Iraki, igihe hashirwaho amafaranga ategerezwa kurihwa n'ubwato butandukanye buca mu muhora wa Hormuz, haciye hasubira kuvyuka ikibazo c'ukuntu muri kahise uruja n'uruza muri uwo muhora rwagiye rugenzurwa.

Mw'isesangura ryanditse riheruka gusohoka, Sanjoy Joshi, arongoye Observer Research Foundation, avuga ko Kartaz y'Abanya Portugal yari intango y'ico yise « ukuganza no kugenzura ikiyaga ku nguvu ».

Asigura ko ubwami bw'Abanya Portugal bwo muri Aziya butari bwubatswe ngo bwigarurire ibihugu binini, ahubwo bwari bwashinzwe mu ntumbero yo kuganza no kugenzura imihora ihambaye ubwato bwacamwo nka Hormuz, Malacca na Aden. Ku bwiwe, ubwo buryo burafitaniye isano n'ingorane ziriko ziraba muri iki gihe mu muhora wa Hormuz.

Abanya Portugal baratoza amafaranga muri Hormuz, bakagira uruhara runini mu bijanye n'ubudandaji bwo ku kivuko no kwegeranya amakori. Vyongeye, baratanga n'impusha zo gutwara ubwato. None kartaz yoba yari « intambamyi ku bwigenge bw'uruja n'uruza mu muhora wa Hormuz »?

Sanjay Subramaniam, umuhinga azwi cane mu vya kahise k'ibiyaga n'ibahari Indiyano akaba n'umwigisha muri kaminuza ya California i Los Angeles, yishuye BBC Persian ku bijanye n'ico kibazo ati: « Kartaz, canke uruhusha rwo gutwara ubwato, wari umukenyuro wagutse wari ufise intumbero yo kugenzura uruja n'uruza rw'ubwato n'ubucuruzi bw'ibidandazwa bimwe bimwe, nk'ipiripiri n'ibindi birungo, 'salpêtre'[ubumara bukoreshwa mu gukora ibisasu], hamwe n'abaja. Ntivyari bijanye no kurihisha amafaranga yo guca muri uwo muhora. »

Ubutunzi bwa Hormuz bwava hehe imbere y'uko Abanya Portugal bayigarurira?

Ishusho y’ubwami bwa Hormuz (Ormazd), hisunzwe igicapo co mu gitabu « Cités du monde » canditswe na George Browne, hagati ya 1588 na 1594.

Ahavuye isanamu, Universal History Archive/Universal Images Group via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ishusho y'ubwami bwa Hormuz (Ormazd)

Kuva kera cane, imbere y'uko Abanya Portugal bahashika, Hormuz kari kamwe mu burere bukomeye bw'ubudandaji bufise aho buhurira n'ibahari Indiyano. Mw'isesangura ryiwe rifise umutwe « Hormuz mu gihe c'Aba Islam », ryo mu gitabu Encyclopedia Iranica, Willem Flore avuga ko mu mpera z'ikinjana ca 13, umutekano muke warangwa mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Irani watumye abategetsi ba Hormuz bimurira icicaro c'ubutegetsi ku nkengera z'ikiyaga, hafi ya Minab amaja kw'izinga rya Jeron, izinga ryahavuye ryitwa Hormuz.

Inkuru tubandanya kubashikiriza...