Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burkina Faso yaciye imigenderanire n'Ubufaransa
- Umwanditsi, Nicolas Négoce
- Igikorwa, Umumenyeshamakuru wa BBC muri Afrika y'uburengero
- Umwanditsi, Neil Murphy
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 2
Ubutgetsi bwa gisirikare bwa Burkina Faso bwarahagaritse imigenderanire n'Ubufaransa, bukagiriza Paris gukomeza gukora ibiteye kubiri n'inyungu z'igihugu.
Imigenderanire hagati ya Burkina Faso n'igihugu cahoze kiyitwara bukoroni yabaye mibi inyuma y'aho Capt Ibrahim Traoré afatiye ubutegetsi mu 2022 atembagaje ubwahahora aca azana poritike ahanini iterekwa ibihugu vya Buraya.
Mw'ijambo ryaciye ku mboneshakure ku wa gatanu, umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru Pingdwendé Gilbert Ouédraogo yavuze ko Ubufaransa ''budahengeshanya'' gukora ibiteye kubiri n'inyungu z'igihugu ciwe aca abwagiriza ''ingendo z'ubukoroni bushasha''.
Ubushikiranganji bw'Ubufaransa bujejwe imigenderanire bwavuze ko iyo ngingo ari ''iyiterekwa Ubufaransa kandi itagira ishingiro'' buca buvuga ko ''igaragaza ukutabona iyo uja kwa reta ya Burkina Faso''.
Ubufaransa bwasavye abanyagihugu babwo bari muri ico gihugu ''kwiyubara cane''.
Burkina Faso, co kimwe na Mali bihana urubibe, imaze imyaka 10 ihanganye n'abagwanyi biyitirira idini rya Islam, rimwe na rimwe ikaba yarafashwa n'abasirikare b'Ubufaransa bari muri ako karere.
Inyuma y'aho afatiye ubutegetsi, Capt Traoré yaciye yirukana ingabo z'Ubufaransa. Reta yiwe yagirije Ubufaransa kugira ''gahunda yinyegeje'' ica ihindukirira Ubushinwa n'Uburusiya.
Itangazo rya vuba rya reta ya Burkina Faso rivuga ko ibikenewe kugira habe ukwubahana bitakihari hagati y'ivyo bihugu bibiri. Rivuga ko Ubufaransa bushigikira ''uruhererekane rwo guhungabanya igihugu n'agatima ko guharira ivomo'' Burkina Faso ku rwego mpuzamakungu.
Iryo tangazo rivuga ko ingingo yo guhagarika imigenderanire ''yerekeye gusa imigenderanire hagati y'inzego'' ko '' ata na hamwe ikora ku vyo Ubufaransa na Burkina Faso bihurirako muri kahise, mu mibano n'abantu no mu karanga''.
Abo basirikare bemeye kugarukana demokarasi mu 2024, ariko baca barisubirako barafuta imigambwe ya poritike mu kwezi kwa mbere uyu mwaka.
Mu kwezi kwa mbere mu 2025, Burkina Faso, n'ibindi bihugu bibiri bibanyi vyompi bitwara n'abasirikare - Mali na Niger- vyaravuye icese mw'ishirahamwe ry'ibihugu vy'akarere ka Afrika y'uburengero, CEDEAO, bishinga umugwi mushasha, Alliance des Etats du Sahel, AES.
Ubufransa nta uwubuserukira bufise muri Burkina Faso kuva mu kwezi kwa mbere mu 2023.
Mu 2024, ico gihugu carirukanye aba diplomate batatu b'Ubufaransa kibagiriza ''ibikorwa vyo guhungabanya''. Ubufaransa ivyo burabihakana.