Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umukecuru w'imyaka 101 yatawe muri yompi yagirizwa gucuruza urumogi muri Nigeria
- Umwanditsi, Mansur Abubakar
- Yakoze inkuru ari, Abuja
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 2
Umukecuru abategetsi bavuga ko afise imyaka 101, yaratawe muri yompi muri Nigeria yagirizwa gucuruza urumogi, mu rubanza ruriko rukurikirwa n'abantu isinzi.
Esther Ogunmabo, avugwa ko ari umunyogokuruza, yafatiwe muri reta ya Ogun ku wa gatandatu, mu bumanuko bushira uburengero bw'igihugu, nk'uko bitangazwa n'Urwego rw'igihugu rujejwe kurwanya ibiyayuramutwe (NDLEA).
Femi Babafemi, umuyobozi ajejwe gutanga amakuru muri urwo rwego, avuga ko uwo mukenyezi w'imyaka irenga 100 yafatanywe "udusaho tw'urumogi ruzwi nka 'skunk' dufise uburemere bw'amagarama 90 avuga ko agurisha ku banyagihugu bo mu micungararo. »
Urwego NDLEA ruvuga ko uwo mukecuru yabwiye abajejwe kumukurikirana ko yinjiye mu bucuruzi bw'ibiyayuramutwe inyuma y'uko iduka ryiwe ry'ibifungurwa n'ibindi vya nkenerwa rihitanywe n'umuriro.
Ubu, yararekuye vy'agateganyo.
Nk'uko urwego NDLEA rubivuga, umwe mu bakobwa biwe aba i Lagos, bivugwa ko ari we yategura uko ivyo biyayuramutwe bimushikira buri misi ine. Ogunmabo yagirizwa ko yaca abigaburamwo uduce duto duto gurtyo akabigurisha mu kibano.
Umuyobozi mukuru wa NDLEA, Mohamed Marwa, yategetse ko uwo mukecuru arekurwa vy'agateganyo kugira ahabwe ubufasha bujanye n'amagara yo mu mutwe, kubera ubusaza bwiwe.
Kuba Ogunmabo yarekuwe vy'agateganyo bisigura ko agishobora gukurikiranwa ku caha kijanye n'ubucuruzi butemewe n'amategeko.
Umukobwa wiwe na we nyene yarafashwe.
Ifatwa rya Ogunmabo ryabaye igihe NDLEA yatangaza kandi ko yafashe ibiyayuramutwe vyinshi vyari bitwawe biciye mu nzira zo mu mazi za Nigeria.
Muri reta ya Akwa Ibom, abakozi b'urwo rwego bakurikije amakuru yizewe barafashe ubwato bw'ibiti mu kiyaga ku wa gatanu uheze, bukaba bwariko bwerekeza muri Cameroun. Bwafatiwemwo n'abantu batatu.
Abo bakekwa bafatanywe ibiro birenga 42 vy'ibiyayuramutwe.
Urwego NDLEA rwatangaje kandi ko ari ubwa mbere mu mateka yarwo rufashe ibiyayuramutwe vyinjijwe mu gihugu bivuye muri Tayilande.