Amerika yagabye ibitero kuri Irani kabiri mu ijoro, mu gihe Tehran nayo yibasiye ibirindiro byayo muri Kuwait, Bahrain na Qatar
Donald Trump yavuze ati "Sinzi niba [Iran] ikwiye kugirana natwe amasezerano", nyuma y'umunsi umwe avuze ko ibiganiro byo guhagarika imirwano byarangiye.
Incamake
- Tanzania: Abantu 130 bafashwe bikekwa gutegura imyiyerekano ijanye na 'Saba saba'
- Abantu ibihumbi baratambagira iruhande rw'isanduku itwaye umubiri wa Khamenei mbere yo kuwushyingurwa
- Itangazamakuru rya Irani riravuga ko uruganda rw'ingufu za nikleyeri rwibasiwe mu bigitero bishya bya Amerika
- Umurambo w'uwari Umuyobozi w'Ikirenga Ali Khamenei wageze i Mashhad
- Irani ivuga ko yagabye ibitero mu bihugu bitatu byo mu nyanja y'ikigobe mu bitero byayo bya nijoro
- Videwo:Reba uko umunara w'ubugenzuzi bw'ingendo zo mu nyanja muri Irani wangijwe n'ibitero bya Amerika
- Igikombe c'Isi 2026: FIFA yanse ibisabwa na Misiri
- Ebola ibandanya kwiha inkumbi muri Ituri, mu gihe hatowe bashasha bayanduye i Kisangani
- Fondation Bonne Action Umugiraneza ya Angeline Ndayishimiye yatahukanye agashimwe ka UNFPA
- Umurambo w'uwari Umuyobozi w'Ikirenga Ali Khamenei wageze i Mashhad
- Irani ivuga ko yagabye ibitero mu bihugu bitatu byo mu nyanja y'ikigobe mu bitero byayo bya nijoro
- Igisirikare cya Amerika kivuga ko cyagabye ibitero 170 mu majoro 2
- Inkangu yahitanye abantu mu Buhinde
- Umuyobozi wa OTAN yabwiye BBC ko amagambo ya Trump ameze nk' 'amakimbirane yo mu muryango
- Trump avuga ko Ukraine igiye kuronswa uruhusha rwo gukora misire zo mu bwoko bwa Patriot
- Igisirikare ca Amerika kivuga ko kiriko cereka Irani ko yakoze amakosa ku bitero vyayo ku mato y'ubudandaji, ariko Irani na yo yaciye yihorera ku ncuti za Amerika mu karere, ikagira iti: "Ni warasa, natwe tuzorasa".
Amakuru y'ikibiriraho
Bernard Bankukira & Gildas Yihundimpundu
Tanzania: Abantu 130 bafashwe bikekwa gutegura imyiyerekano ijanye na ‘Saba saba’

Ahavuye isanamu, Reuters
Igipolisi muri Tanzania cavuze ko cataye muri yompi abantu 130 bikekwa kugira uruhara mu gutegura no guhamagarira ibikorwa vy'ubugizi bwa nabi vyari bitegekanijwe ku wa 7 Mukakaro (7).
Kuri iryo genekerezo ni ho hahimbajwe umusi mukuru w'igihugu wahariwe ihayanisha gurisha mpuzamakungu ry'ubudandaji rya Dar es Salaam, rizwi cane kw'izina rya 'Saba saba', rikaba riri mu mahayanisha akomeye kandi ahambaye kuruta ayandi muri Tanzania.
Umusi umwe imbere y’uko iryo hayanisha riba, inzego za Tanzania zari zatangaje ko hari ibimenyetso vyerekana ko hari abari gushobora kwikika mu kiza kugira barihungabanye.
Mw'itangazo yasohoye uno musi, umuvugizi w’igipolisi yavuze ko abo bantu 130 bafashwe inyuma y'amatohoza yabaye ku wa 19 Ruheshi(6) no ku wa 5 Mukakaro (7) inyuma y’amakuru y’igendereza yerekana ko hariko hategurwa ibikorwa vyo guhungabanya umutekano.
Igipolisi kivuga ko bamwe muri abo bikekwa bakoresheje imbuga ngurukanabumenyi n'izindi nzira z'itumatumanako mu guhamagarira abantu kwitaba ibikorwa biteye kubiri n'amategeko.
Iryo tangazo rivuga ko mu vyariko birategurwa harimwo gukwiragiza ubutumwa bubiba urwanko, guhamagarira abantu mu bikorwa bishobora guteza abanyagihugu ingorane, guturira ibintu, gusambura ivyuma vy’umuyagankuba, kwonona ibikorwa remezo vya reta n'imitungo y'abigenga, hamwe no gutera abajejwe umutekano kugira babambure ibirwanisho.
Igipolisi cavuze kandi ko kiguma kirondera abandi bikekwa batarafatwa kugira na bo bashikirizwe ubutungane.
Congeye guhamagarira abanyagihugu gukoresha imbuga nkoranyambaga mu buryo bubereye no kwirinda gutegura canke gukwiragiza ubutumwa bushobora gukwegera abantu mu bikorwa vy'ubugizi bwa nabi.
Izindi nkuru wosoma:
Abantu ibihumbi baratambagira iruhande rw'isanduku itwaye umubiri wa Khamenei mbere yo kuwushyingurwa

Ahavuye isanamu, Reuters
kuko bivugwa muri Iran na Jordan urugendo rwa nyuma rwo gushyingura uwahoze ari Umuyobozi w’Ikirenga wa Irani, Ali Khamenei, rwakomeje kunyura mu mihanda ya Mashhad mu majyaruguru y’uburasirazuba bwa Irani.
Hamaze iminsi itandatu habaye ibikorwa byo kunamira umurambo mbere yo kuwugushyingura, harimo n'urugendo rw'ibirometero 10aho Abanya-Irani banyuze mu kibuga cy'amateka cya Enghelab kiri mu murwa mukuru Tehran kuwa mbere.
Amabendera n'ibyapa bibarirwa mu bihumbi - bimwe bigaragaza amafoto Khamenei n'ibindi bisaba ko Perezida wa Amerika Donald Trump yicwa - nabyo byagaragaye muri uwo muhango.

Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Ayatollah Ali Khamenei arashyingurwa none i Mashhad, umujyi mutagatifu kurenza yose muri Irani 
Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Abantu bateraniye i Mashhad ku munsi wo gushyingura Umuyobozi w'Ikirenga wa Irani, Ayatollah Ali Khamenei, Ivy'akakanya, Itangazamakuru rya Irani riravuga ko uruganda rw'ingufu za nikleyeri rwibasiwe mu bigitero bishya bya Amerika
Itangazamakuru rifitanye isano na leta ya Irani ririmo gutangaza ko uruganda rw'ingufu za nikleyeri rwa Bushehr rwibasiwe kuri iki gicamunsi.
Ibi byatanzwe mbere n'umuyobozi wungirije w'intara, cyanatangajwe n'igitangazamakuru rya Irani rifitanye isano na leta, kivuga ko impande z'uruganda zarashwe n'ibisasu byarashwe na Amerika.
Amerika ntacyo iravuga ku bitero byayo biherutse.
Twabamenyesha ko ibisasu byinshi bya Irani byarashwe hejuru ya Yorodaniya mu masaha abiri ashize.
Videwo:Reba uko umunara w'ubugenzuzi bw'ingendo zo mu nyanja muri Irani wangijwe n'ibitero bya Amerika
Insiguro ya video, Videwo: Reba uko umunara w'ubugenzuzi mu nyanja muri Irani wangijwe n'ibitero bya Amerika Amashusho ya videwo agaragaza ibyangiritse ku munara w’igenzura ku cyambu cya Beheshti i Chabahar, ku nkombe y’amajyepfo ya Irani, nko mu birometero 400 mu burasirazuba bw'Umuhora wa Hormuz.
Izindi nkuru wasoma:
Igikombe c'Isi 2026: FIFA yanse ibisabwa na Misiri

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi, FIFA, ryashigikiye ingingo z’abahagarikizi mu Gikombe c’Isi, inyuma y’uko Misiri yidoze ivuga ko habaye uguhengama mu rukino rwo mu gice c’umunani gishira ica nyuma yakinye na Argentine.
Misiri yari imbere n’ibitsindo bibiri ku busa (2-0), ariko Argentine, ari na yo ifise igikombe co mw'ihiganwa ryaheruka, vyarangiye yivyukiranije yinjiza ibitsindo bitatu mu minota cumi n’itatu gusa, iba iraronse uburenganzira bwo kubandanya mu gice ca kane gishira ica nyuma, ivya Misiri na vyo biba birarangiye.
Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru rya Misiri rivuga ko ridashobora kuguma mu gacerere, kubera ivyo ryita amakosa agaragara kandi y’akarenganyo yakozwe n’umuhagarikizi w’urukino.
Umukuru w’abahagarikizi muri FIFA, Umutaliyano Pierluigi Collina, yavuze ko bitabereye kwagiriza abahagarikizi bafashe ingingo zibereye kandi bakoze ibishoboka vyose kugira urukino rugende neza.
Izindi nkuru wasoma:
Ebola ibandanya kwiha inkumbi muri Ituri, mu gihe hatowe bashasha bayanduye i Kisangani

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ikiza ca Ebola kirabandanya gukwirakwira no kwiha inkumbi muri Republika ya Demokarasi ya Congo (RDC), aho mu masaha 24 aheze abantu bashasha 51 ari bo banduye abandi na 20 bakaba bapfuye mu ntara za Ituri na Kivu ya Ruguru.
Ubu igitigiri c’abamaze kwandura kigeze ku 1.759, mu gihe 600 bamaze gupfa, ivyo bikaba vyerekana ko urugero rw’abahitanwa n’iki kiza rungana na 34,1%.
Abenshi muri aba bashasha bapfuye ni abo mu ntara ya Ituri, aho abarwayi icenda bapfiriye mu bigo bivura abanduye iki kiza, harimwo ivyo muri Nizi, Bunia, Mongbwalu na Rwampara.
N'ubwo hari abapfa, hari n'abakira. Abarwayi batanu bo muri Ituri batangajwe ko bakize inyuma yo gupimwa bagasanga ata mugera bagifise. Ubu igitigiri c’abamaze gukira ni 285.
Abategetsi kandi bemeje ko hari abantu babiri banduye muri Kisangani, igisagara ca gatatu kinini muri RDC kiri mu ntara ya Tshopo. Bose babasanzemwo uwo mugera biciye mu bipimo vya RADIONE PCR, mu gihe ibipimo vy’ukwemeza vya RT-PCR bikibandanya.
Ibikorwa vyo kurwanya Ebola biriko biratsimbatazwa i Kisangani, nubwo aba bantu babiri batarashirwa mu gitigiri cemewe c’abanduye gushika ivyemezo vya nyuma bisohotse.
Iki kiza gishasha ca Ebola catangajwe ku wa 15 Rusama (5) 2026, kikaba giterwa n’umugera wa Bundibugyo. Ciziziye intara zitatu zifise abanyagihugu bashika ku miliyoni 15, intara ya Ituri ikaba ari yo ibangamiwe gusumba Kivu ya Ruguru, Kivu y’Epfo hamwe na Tshopo yatandukiriwe.
Ibindi kuri Ebola injira hano: Icyorezo cya Ebola
Fondation Bonne Action Umugiraneza ya Angeline Ndayishimiye yatahukanye agashimwe ka UNFPA

Ahavuye isanamu, news.un.org
Insiguro y'isanamu, Fondation Bonne Action Umugiraneza yashinzwe na Angeline Ndayishimiye muri Mukakaro (7) 2019 Ishirahamwe ry’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi, Fondation Bonne Action Umugiraneza, ni ryo ryaraye ritahukanye agashimwe k’ishami rya ONU ryitaho irondoka rijanye n’amagara meza, UNFPA.
Angeline Ndayishimiye yashinze iryo shirahamwe mu 2019, mu ntumbero yo gufasha abatishoboye kurusha abandi no guterera mw’iterambere rirama mu Burundi.
Fondation Bonne Action Umugiraneza rifasha mu bijanye n’amagara y’abantu, ivy'amashure hamwe n’imibereho y’abana.
Rirafasha kandi abagore n’imiryango y’abatishoboye gusumba abandi, nk’uko biri ku rubuga ngurukanabumenyi ntangamakuru rwa ONU.
Mu mwaka wa 2022, iri shirahamwe ryaruguruye ivuriro Polyclinique Umugiraneza mu ntara ya Gitega, mu ntumbero yo gutanga ubutabazi n'ubuvuzi bwihariye harimwo ubw'abana n'abafise ingorane zijanye n’irondoka.
Iri shirahamwe rifasha kandi abagore bafise indwara zo mu kigo, abana bafise ubumuga mvukanwa hamwe n’abakorewe amabi ashingiye ku gitsina.
Ryaratanguje kandi n’ishure ryiswe “Socle du Savoir”, rifasha mu vy’inyigisho, imfungurwa hamwe no kumenyeshwa ingaruka zo gutwara inda hakiri kare.
Mw’ijambo yashikirije ahejeje kuronswa aka gashimwe, Angeline Ndayishimiye, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi, ari na we arongoye iri shirahamwe, yavuze ko kuronka aka gashimwe k’ishirahamwe ONU ari “iteka hamwe n’akamo ko kubandanya dukorana umwete”.
Yongeyeko ati: “Biradutera intege zo kubandanya igikorwa cacu n’umwete w’ukwitanga tutiziganya”.
Aka gashimwe ka UNFPA gatanzwe ku ncuro ya 41 kashinzwe mu mwaka wa 1981 n’inama nkuru ya ONU. Gahabwa abantu n’amashirahamwe yatanze intererano idasanzwe mu bijanye n’igwirirana ry’abanyagihugu hamwe n’irondoka rijanye n’amagara meza.
Ayandi makuru kuri Angeline Ndayishimiye:
Umurambo w'uwari Umuyobozi w'Ikirenga Ali Khamenei wageze i Mashhad

Ahavuye isanamu, IRIB
Indege yari itwaye umurambo w'uwahoze ari Umuyobozi w'Ikirenga Ali Khamenei yageze i Mashhad, umujyi mutagatifu cyane muri Irani.
Ikigo cy’itangazamakuru cya Tasnim gifitanye isano na IRGC gitangaza ko ibyiciro bya nyuma by’urugendo rw’iminsi yose rwo gushyingura no kunamira Khamenei biza gutangira saa kumi n’imwe z’umugoroba.
Isanduku y'Umurambo wa Khamenei imaze iminsi itandatu yerekanywe hirya no hino muri Irani na Iraq izashyingurwa i Mashhad, aho uwahoze ari umuyobozi mukuru yavukiye.
Izindi nkuru wasoma:
Irani ivuga ko yagabye ibitero mu bihugu bitatu byo mu nyanja y’ikigobe mu bitero byayo bya nijoro
Ingabo za Irani zivuga ko zagabye igitero ku birindiro bya gisirikare bya Amerika muri Kowait, Qatar na Bahrain zikoresheje indege zitajyamo abapilote (drones)
Sisitemu ya misile ya Amerika yitwa Patriot muri Kuwait, sisitemu yo kuburira hakiri kare antene ya satelite muri Qatar, hamwe n'ububiko bwa lisansi muri Bahrain bwibasiwe n’ibitero by’"ubwoko bwinshi" bw'"indege zitatwarwa n’umupilote" .
Ivuga ko ibitero byabaye "hashize igihe gito" kandi ko ari "ibitero bikomeza" by'ingabo za Irani ku birindiro bya Amerika muri ako karere.
Iri tangazo ryatanzwe n'ibinyamakuru byinshi byo muri Irani, harimo n'ikigo cy'itangazamakuru cyo muri icyo gihugu.
Izindi nkuru wasoma:
Igisirikare cya Amerika kivuga ko cyagabye ibitero 170 mu majoro 2

Ahavuye isanamu, CENTCOM
Igisirikare cya Amerika cyasohoye amashusho y'ibitero byayo by'indege za drones byabereye muri Irani mu ijoro.
Iki ni icyiciro cya kabiri cy'ibitero byatangijwe na Amerika kuri Irani mu masaha 48 ashize.
Igisirikare cy'Amerika kivuga ko cyagabye ibitero 170 mu majoro ebyiri.
Ku wa kabiri, igisirikare cya Irani cyavuze ko abasirikare umunani bacyo bishwe mu bitero byo kuwa kabiri, aho ibitero byashyizwe ku nkengero z'inyanja ya Hormuz.
Izindi nkuru wasoma:
Inkangu yahitanye abantu mu Buhinde
Insiguro ya video, Inkangu yahitanye abantu mu Buhinde Nibura abantu batatu bapfuye, abandi batanu baburirwa irengero nyuma y'uko inkangu iguye mu gace ka Wayanad, muri leta ya Kerala mu Buhinde.
Iyo nkangu yatumye ikamyo yari itwaye lisansi inyerera igonga abantu, nyuma y'uko ikirundo kinini cy’ibitaka byaguye ahakorwaga umuyoboro, bitewe n'imvura nyinshi yaguye muri ako gace.
Abayobozi bavuga ko nibura abakozi batatu bamaze kwitaba Imana, mu gihe ibikorwa byo gushakisha abandi batanu baburiwe irengero bikomeje.
Umuyobozi wa OTAN yabwiye BBC ko amagambo ya Trump ameze nk' 'amakimbirane yo mu muryango'

Ahavuye isanamu, EPA
Insiguro y'isanamu, Abayobozi ba OTAN Umunyamabanga Mukuru wa OTAN, Mark Rutte, yavuze ko iri ihuriro ry’ingabo zo mu Burengerazuba bw’isi rikomeye kurusha mbere hose.
Ibi yabitangaje mu kiganiro yagiranye na BBC mu nama ya OTAN yabereye i Ankara.
Iri tangazo rije nyuma yaho Perezida wa Amerika Donald Trump avuze amagambo akomeye, wavuze ko yababajwe n'uko OTAN itafatanyije na Amerika mu ntambara yayo na Irani.
Ariko, OTAN ntabwo yagize uruhare ku mugaragaro muri iyo ntambara, nubwo bimwe mu bihugu bigize umuryango, harimo n'Ubwongereza, byemereye ingabo za Amerika gukoresha ibirindiro byazo mu kugaba ibitero ku birindiro bya misile bya Irani.
Mu kiganiro, umunyamakuru wa BBC yabwiye Rutte ko hari itandukaniro hagati y’amagambo meza atangwa n’abayobozi ba OTAN n’amagambo rimwe na rimwe asa n’amacakubiri atangwa na Trump.
Muri iyo nama, Trump yongeye gushimangira igitekerezo cye cy’uko Amerika igomba gufata Greenland ndetse anavuga ko Esipanye ari "inshuti mbi". Icyakora, yavuze ko abayobozi bateraniye i Ankara bagaragaje ubumwe kandi ko hari "urukundo rwinshi" muri iyo nama.
Mu gusubiza, Rutte yavuze ko ibintu bimeze gutyo mu muryango.
Yagize ati: “Ni nk’umuryango. Hari imiryango itajya irwana, indi ihora irwana rimwe na rimwe, ariko iracyari umuryango.”
Rutte yashimangiye ko Trump akomeje gushyigikira byimazeyo OTAN.
Yagize ati: “Trump yiyemeje gushyigikira OTAN byimazeyo.”
Ubwo yabazwaga impamvu yizeye neza, bitewe nuko Trump yari yaravuze mbere ko gukura Amerika muri OTAN ari ikintu gishobora gusuzumwa, Rutte yasubije ati:
"Ndizera 100 ku ijana ko Trump ashyigikiye OTAN. Arasobanukiwe ko ibikorwa bya gisirikare bya Amerika, harimo n'ibikorwa bya Epic Fury kuri Irani, bitashoboraga gukorwa kuri urwo rwego hatabayeho gukoresha Uburayi nk'urubuga rwo gukora ibikorwa bya gisirikare."
Rutte yavuze ko mu gihe cy'ibyumweru bitandatu hagati y'impera za Gashyantare(2) na Mata(3) hagati, mbere y'uko amasezerano yo guhagarika intambara atangira gushyirwa mu bikorwa, indege za gisirikare zirenga 5.000 zahagurutse ku birindiro bya gisirikare by'i Burayi hakurikijwe amasezerano y'ibihugu byombi ku ikoreshwa ry'ibirindiro.
Avuga ku kamaro k'ibihugu byo mu majyaruguru y'uburengerazuba biri mu muryango wa OTAN, biherereye hafi ya Kola Peninsula mu Burusiya aho hari ibirindiro binini by'amazi birimo intwaro za nikleyeri, Rutte yavuze ko ako karere gafite uruhare runini mu mutekano wa Amerika mu gutanga imiburo hakiri kare ku bibazo bishobora kubaho.
Izindi nkuru wasoma:
Trump avuga ko Ukraine igiye kuronswa uruhusha rwo gukora misire zo mu bwoko bwa Patriot

Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Bateri imwe ya Patriot hamwe na misire zayo nk'uko biri kuri iyi foto ifise agaciro kababa imiriyaridi imwe y’amadolari y’Amerika Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yemeye ko agiye guha Ukraine uburenganzira bwo guhingura misire zo mu bwoko bwa Patriot zisama ibisasu vy’izindi misire, zikazofasha Kyiv (ubutegetsi bwa Ukraine) kwivuna ibisasu vya misire za balistique biraswa n’Uburusiya.
Aho yari ari mw’ikoraniro ry’urunani OTAN/NATO rwo kwivunira umwansi hamwe i Ankara muri Turukiya, Trump yabwiye Volodymyr Zelensky wa Ukraine ejo ku wa gatatu ati: "Tugiye kubaha uruhusha rwo gukora Patriot.
“Nibaza ko bazoshobora kuzikora ningoga cane tumaze kubasigurira ukuntu bikorwa".
Yavuze ko atari bwabwire amakompanyi ahingura ibikoresho vya gisirikare ya Lockheed Martin na Raytheon ico cemezo ciwe, "ariko ivyo bizotungana".
Patriot ni ubwoko bwa misire zibona kandi zigasamira mu kirere ibisasu vya misire, bukaba buzwi nka bumwe mu buryo bwiza cane kw’isi yose bwo gukingira ikirere, ariko kandi bukaba ari na bwo bwa mbere buzimvye: bateri imwe ya Patriot hamwe na misire zayo ifise agaciro kababa imiriyaridi imwe y’amadolari y’Amerika.
Kuyihingura na vyo bisaba igihe kirekire. Nk’uko ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe kwivuna abansi bubivuga, hakorwa misile zigera ku 600 gusa ku mwaka.
Amerika na yo nyene ntishaka gutanga nyinshi muri zo kuko yakoresheje izirenga igice c’izo itunze mu ntambara yayo muri Irani mu ntango z’uyu mwaka, nk’uko ikigo ca CSIS (Center for Strategic and International Studies) kibivuga.
Trump yavuze ati: "Dufise Patriot, ariko si nyinshi cane. Natwe turazikeneye."
Ariko rero Ukraine irazikeneye cane kandi vyihutirwa. Mu mezi aheruka, Moscou yarongereje ibitero vya misile za balistique kuri Ukraine, bikaba vyahitanye abantu benshi biciwe i Kyiv mu ndwi iheze gusa.
Inyuma y’imyaka ine n’igice y’intambara, nta ruhande rwovuga ko rwifatiye ibintu mu minwe, kandi Ukraine yarize uburyo bwo guhangana n’amajana y’ama-drone Uburusiya buyigomorerako buri joro.
Ariko kuri misire za balistique ibintu ntivyoroshe kuri Ukraine kubera ata buryo bwinshi isigaranye. Muri misire za balistique 23 Uburusiya bwarashe mu ntango z’ino ndwi, nta n’imwe Ukraine yashoboye gusama.
Trump yavuze ko Amerika izoha Ukraine uruhusha rwo guhingura Patriot kugira ngo "ntize yidoge ngo ntituyiha izikwiye".
Hagati aho, i Kyiv, umugwa mukuru wa Ukraine, hari bamwe bafise amakenga, bakabona ko Ukraine itoshobora kuzihingura muri iki gihe.
Ayandi makuru ku ntambara y'Uburusiya na Ukraine: Intambara Russia-Ukraine
Amerika yakoze ibindi bitero kuri Irani aho humvikanye ibiturika mu bumanuko bw’igihugu

Ahavuye isanamu, Reuters
Amerika yagavye ibindi bitero kuri Irani inyuma y’aho Perezida Donald Trump amenyeshereje ko yiteguriye “kubakubita cane mw’iri joro” inyuma y’aho izi mpande zompi zirasaniye ku wa kabiri.
Ibinyamakuru vyegamiye reta ya Irani bitangaza ko humvikanye ibiturika mu duce two mu bumanuko bw’igihugu, harimwo Sirik na Bandar Abbas, ibisagara biri ku nkengera y’ibahari ku Muhora wa Hormuz.
Inyuma y’ivyo bitero vya nyuma, Trump yanditse ku rubuga Truth Social ati: “Iki ni igihano ku gitero Irani yagavye ku mato ejo. Ni yasubira, ibintu bizorushiriza kuba bibi cane!”
Ibihugu vyo mu Kigobe c’Abarabu vyatangaje ko Irani yagavye ibitero inyuma y’ibi vya Amerika, aho ku mugwa mukuru wa Bahrain, Manama humvikanye ibiturika; Koweit nayo igasamira hejuru ibisasu vya misile n’indege zitajamwo abadereva (drone); nayo Qatar itanga imburi y’umutekano.
Umukuru w’Inama nshingamateka ya Irani, Mohammad Bagher Ghalibaf, akaba ari na we aserukira igihugu mu biganiro na Amerika, yanditse kuri X ko Amerika itaratahura ko “gutera ubwoba no kutubahiriza amasezerano bidashobora kwijana”.
“Reka ndabitomore neza: ni warasa, natwe tuzorasa”, ni ko yanditse, anongerako ko Umuhora wa Hormuz uzokwugururwa ku gushaka kwa Irani, si “kw’iterabwoba rya Amerika”.
Ubuyobozi bw’Ingabo za Amerika muri ako karere (CENTCOM) bwatangaje ko ivyo bitero vyakozwe kugira ngo “bigabanye ubushobozi bwa Irani bwo kubangamira ingendo” muri iyo nzira kirumara yo mu mazi.
Mw’itangazo, bwongeye buti: “Amerika iriko irumvisha Irani ko yakoze amakosa ku bitero vyayo vya vuba bitagira ishingiro ku mato y’ubudandaji no ku bakozi bayo bakoresha iyi nzira kirumara mpuzamakungu yo mu mazi”.
Haravugwa kandi ibiturika bitari bike mu tundi turere two ku nkengera y’ibahari ya Irani, harimwo ibisagara vya Konarak na Chabahar.
Imboneshakure ya reta ya Irani yatangaje ko habaye ibiturika umunani muri Bandar Abbas, kandi ko ibisasu vya misire bibiri vyakubise ibivuko vya Sirik na Jask, na vyo nyene biri mu bumanuko bwa Irani.
Yongeyeko ko ibisasu bibiri vyaguye kw’izinga rya Abu Musa, rimaze imyaka myinshi riryanisha Irani na Emira Zunze Ubumwe bw’Abarabu (UAE), buri ruhande ruryiyitirira.
Urugero rw’ivyononekaye muri ivyo bitero vya Amerika ntiruratomoka, ariko ibinyamakuru vya Irani vyatangaje ko umuyagankuba wacitse muri Chabahar kandi ko hadutse umuriro mu kigo c’igisata c’igisirikare kijejwe gukingira ubutegetsi bwa Kisilamu (IRGC) ahitwa Bushehr.
Kuva ku wa kabiri gushika ejo ku wa gatatu, habaye ukurasana hagati ya Amerika na Irani ku rugero rutari bwaboneke kuva hasinywa amasezerano y’umwimvikano ku wa 17 Ruheshi (6).
Ayandi makuru:
Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.
