Abagore batandatu bafise ijambo ridasanzwe muri Afrika

.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 6

Ikinyamakuru Forbes casohoye urutonde rw'abagore 100 bafise ijambo rikomeye kurusha abandi kw'isi. Gifatira ku kungene bahanganye n'ingorane zitandukanye zikomeye muri uwu mwaka cemeza ko waranzwe n'intambamyi nyinshi ku bagore mu bijanye n'akazi n'amahirwe yo kuduzwa mu mabanga.

Iki cegeranyo kivuga ko amashirahamwe n'amakompanyi menshi vyagabanije gushigikira abagore mu bijanye no kwiga canke iterambere ryabo ugereranije n'uko vyari bimeze mu myaka ine iheze.

Nk'uko ubushakashatsi bwakozwe n'ibigo vy'abahinga McKinsey na Lean In buvyerekana, 54% vy'amashirahamwe n'amasosiyete ubu ni vyo gusa bicitaho iterambere ry'umugore mu kazi mu kumuduza mu nzego z'ubuyobozi, ugereranije n'urugero rwa 90% mu myaka ine iheze.

Ishami rya ONU ryitaho ineza y'abagore (UN Women) ryaburiye ko ivangura rishingiye ku gitsina ryo ku mbuga ngurukanabumenyi ririko ririyongera. Rivuga kandi ko imihari y'ivyiyumviro bishira imbere umugabo bigasubiza hasi umugore ikorera ku mbuga ngurukanabumenyi na nyagiro yitwa "manosphere", iriko irakwiragira mu bibanza vy'akazi.

Ariko rero, abagore bo hirya no hino kw'isi baranse gucika intege canke gusigara inyuma, ahubwo babandanya urugamba rwo kwihagararako no kwitanga kugira babandanye gutera imbere.

Ifoto ya Mary Vilakazi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ifoto ya Mary Vilakazi

Mary Vilakazi (Afrika y'Epfo)

Mary Vilakazi, yavutse muri Myandagaro (8) 1977. Ni umuhinga yanonosoye ibijanye no kugenzura ubutunzi bw'inganda n'amasosiyete (Expert comptable) wo muri Afrika y'Epfo. Yamenyekanye nk'umwe mu bantu bafise ijambo riri ku rwego rwo hejuru kandi bubashwe mu gisata c'ubutunzi muri iki gihugu.

Yatanguriye akazi mu kigo PwC kijejwe kugenzura ubutunzi, aho yadugijwe ningoga mu mabanga ku myaka 27, aba umwe mu bafatanyabikorwa bakiri bato kuruta abandi muri ico kigo.

Mu nyuma, yagiye arazezwa amabanga atandukanye mu nzego zo hejuru, harimwo kuba Umuyobozi ajejwe ivy'ubutunzi mu kigo gikorera mu gisata c'ubutare (Mineral Services Group), imbere yo kwinjira mw'ishirahamwe mpuzamakungu ry'ubwishingizi ryitwa MMI Holdings, aho yadugijwe gushika ku rwego rw'icegera c'Umuyobozi mukuru.

Mu 2018, Vilakazi yinjiye mu kigo FirstRand, gikorera mu gisata c'ubutunzi muri Afrika y'Epfo no ku mugabane wa Afrika wose, nk'umwe mu bayobozi.

Muri Ndamukiza (4) 2024, yanditse amateka mu kuba umugore wa mbere w'umwirabure ayoboye FirstRand Group mu myaka 185 yose iyo sosiyete yari imaze ibayeho.

FirstRand ni yo sosiyete nini kuruta izindi zifasha mu bijanye n'ubutunzi muri Afrika y'Epfo, umuntu afatiye ku gaciro kayo ko kw'isoko.

Ifoto ya Judith Suminwa, Umushikiranganji wa mbere wa Repubulika ya Demokarasi ya Kongo (RDC).

Ahavuye isanamu, DR Congo Planning Ministry/X

Insiguro y'isanamu, Ifoto ya Judith Suminwa, Umushikiranganji wa mbere wa Repubulika ya Demokarasi ya Kongo (RDC).

Judith Suminwa Tuluka (DRC)

Judith Suminwa Tuluka ni umunyapolitike akaba n'umuhinga mu vy'ubutunzi aturuka muri Repubulika ya Demokarasi ya Kongo (RDC). Muri Ruheshi (6) 2024, yanditse amateka mu kuba umugore wa mbere yabaye Umushikiranganji wa mbere w'ico gihugu.

Tuluka yatanguye gukora mu gisata c'ubutunzi imbere y'uko aronka amabanga atandukanye yo hejuru muri reta. Mu nyuma, yinjiye mw'ishami rya ONU rijejwe Iterambere (UNDP).

Afise kandi uburambe mu kugenzura amatungo rusangi, gusuzuma no gutohoza ku migambi n'amafaranga reta zikoresha, hamwe no guhuza ibikorwa vya reta.

Muri Ntwarante (3) 2023, ubutegetsi bwariho ico gihe bwamugenye kuba Umushikiranganji wa reta ajejwe imigambi.

Perezida wa Namibie Netumbo Nandi-Ndaitwah

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Perezida wa Namibie Netumbo Nandi-Ndaitwah

Netumbo Nandi-Ndaitwah (Namibie)

Netumbo Nandi-Ndaitwah ni umunyapolitike akaba n'umudiplomate wo muri Namibiya. Ku wa 21 Ntwarante (3) 2025, yanditse amateka mu kuba umugore wa mbere abaye Perezida w'iki gihugu.

Yamaze imyaka myinshi akorera reta ya Namibiya biciye mu mugambwe uri ku butegetsi wa SWAPO. Uwo mugambwe yari yawinjiyemwo kuva mu gihe c'urugamba rwo guharanira ukwikukira kw'igihugu.

Mu rugendo rwiwe rwa poritike no mu mabanga ya reta, yarashinzwe amabanga atandukanye, harimwo ay'Umushikiranganji w'imigenderanire, icegera c'Umushikiranganji wa mbere, hamwe n'amabanga y'icegera ca Perezida wa Repubulika.

Ifoto ya Mpumi Madisa

Ahavuye isanamu, Forbes

Insiguro y'isanamu, Ifoto ya Mpumi Madisa

Mpumi Madisa (Afrika y'Epfo)

Mpumi Madisa yatanguriye akazi mu gisata c'ubwishingizi imbere y'uko mu 2003 yinjira muri Bidvest, kompanyi ikorera mu bihugu vyinshi. Muri iyi kompanyi, yagiye arazezwa amabanga atandukanye kuva ku kuba Umuyobozi ajejwe imigenderanire n'abakiriya, uwujejwe ibibazo vy'ishirahamwe, uwujejwe ukudandaza no kwamamaza, hamwe n'Umuyobozi mukuru ajejwe iterambere ry'ubudandaji.

Muri Ntwarante (3) 2019, yagizwe Umuyobozi mukuru wa Bidvest, gurtyo aba abaye umugore wa mbere w'umwirabure ayoboye iyo kompanyi iri muri 40 nini kuruta izindi mu zanditswe kw'isoko ry'imitahe rya Johannesburg.

Ku burongozi bwiwe, Bidvest yarateye imbere ku rugero runini. Yarashoboye kuyisubiza ku murongo, isubira no gukora yunguka mu gihe yari yarahomvye mu myaka y'imbere y'ubuyobozi bwiwe. Ubu ifise abakozi bagera ku 130.000, ikaba yaraguriye ibikorwa vyayo mu bihugu vyinshi.

Ngozi Okonjo-Iweala, Umuyobozi mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ry'Ubudandaji (WTO)

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ngozi Okonjo-Iweala, Umuyobozi mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ry'Ubudandaji (WTO)

Ngozi Okonjo-Iweala (Nigeria)

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ngozi Okonjo-Iweala abandanya kuba umwe mu bahinga mu vy'ubutunzi n'abafata ingingo zikomeye bazwi kandi bafise ijambo ridasanzwe muri Afrika.

Mu 2010, yarahagarariye igikorwa c'ibanki y'isi co kwegeranya amafaranga yo gufasha ibihugu bikenye, bituma haboneka amadolari y'Abanyamerika imiriyaridi 49,3 mu mfashanyo no mu ngurane zitangwa ku nyungu nto cane ku bihugu bikenye kuruta ibindi kw'isi.

Inyuma yo kuva mu mabanga ya reta, yarabandanije kugira uruhara runini mu bibazo mpuzamakungu. Yarongoye amashirahamwe nka Gavi, ihuriro mpuzamakungu rijejwe inkingo, kuva mu 2016 gushika mu 2020. Yabaye kandi umwe mu barongoye umurwi mpuzamakungu wiga ku butunzi n'ihindagurika ry'ikirere, anagira uruhara mu bikorwa mpuzamakungu vyerekeye kurwanya indwara z'ivyaduka.

Ku wa 1 Ntwarante (3) 2021, yagenywe kuba Umuyobozi mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ry'Ubudandaji (WTO), gutyo aba abaye umugore wa mbere n'Umunyafrika wa mbere ashinzwe ayo mabanga.

Ubuyobozi bwiwe bwatumye aronka ikiringo ca kabiri c'ukurongora WTO. Mu mpera za 2024, ibihugu bigize iryo shirahamwe vyaramutoye kandi ku bwiganze bunini kugira abandanye muri ayo mabanga, ivyo bikaba vyerekana icizere kinini bifitiye ubuyobozi bwiwe.

Ifoto ya Mo Abudu

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ifoto ya Mo Abudu

Mo Abudu (Nigeria)

Mo Abudu ni umurwizatunga mu gisata co kumenyesha amakuru kandi ni umwe mu bantu bazwi cane mu bijanye n'umuco muri Nijeriya. Azwi nk'uwuriko arahindura uburyo inkuru n'imigenzo vya Afrika bishikirizwa isi biciye mu kuntu abona ibintu mu buryo bwagutse no mu migambi igenewe gushikira abantu bo kw'isi yose.

Ni we yashinze akaba n'Umuyobozi mukuru wa EbonyLife Media, sosiyete nini y'ibinyamakuru n'imyidagaduro, izwi kandi nka EbonyLife Group. Ivyo bisigura ko arongoye ishirahamwe rinini ry'ibimenyeshamakuru rikora ibikorwa bitandukanye, harimwo imboneshakure, ugutunganya ama 'films', ugutangaza amakuru biciye ku buhinga bwo ku mbuga bwitwa 'streaming', hamwe n'imigambi ijanye n'uburyo bwo kubaho.

Mo Abudu afise ijambo rikomeye, kandi ryabandanije kwiyongera kuva mu myaka mike iheze kubera imigambi mishasha ifise intumbero yagutse yatanguje. Mu 2025, ikinyamakuru TIME camushize ku rutonde rw'"Abantu 100 bafise ijambo ridasanzwe kuruta abandi kw'isi", kubera uruhara rwiwe mu guteza imbere inkuru zivuga kuri Afrika no gukwega abashakashatsi mu bisata bitandukanye hamwe n'aba 'diaspora'.

Yaranatangaje kandi imigambi myinshi ihambaye biciye muri EbonyLife, harimwo Afro Film Fund, ikigega c'imiliyoni 50 z'amadolari y'Abanyamerika kigenewe gushigikira ama 'films' ashingiye ku butumwa buvuga Afrika, kugira ubwo butumwa bukwire isi yose.