Tanzania: Umu 'influencer' Ashley Robinson w'Umunyamerikakazi yariyahuye – Igipolisi

Ifoto ngufi ya Ashlee Jenae ariko araba hejuru asa n'uwuryamye ku kintu c'ibara ry'ubururu. Afise amarori mu ruhanga.

Ahavuye isanamu, Ashlee Jenae/IG

Insiguro y'isanamu, Kw'igenekerezo rya 5 Ndamukiza (4), McCann yari yambitse impeta Robinson amusaba ko boshinga urwabo, ariko apfa inyuma y'imisi ine
    • Umwanditsi, Alfred Lasteck
    • Igikorwa, BBC Afrika, i Dar es Salaam
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Inyuma y'aho gisozereye amatohoza yerekeye urupfu rw'umu 'influencer' w'Umunyamerikakazi, Ashley Robinson, yari afise imyaka 31, igipolisi c'i Zanzibar muri Tanzania cemeje ko uwo mukobwa yiyahuye kubera ihungabana ryo mu mutwe.

Robinson, yari azwi kandi kw'izina rya Ashlee Jenae, yapfuye inyuma y'ugushwana n'umukunzi wiwe kwabereye mw'ihoteri yitwa 'Zuri Hotel', aho muri Zanzibar nyene, kw'itariki ya 8 Ndamukiza(4), hafi isaha zibiri z'ijoro n'iminota 55.

Mu nyuma vyatangajwe icese ko yapfiriye aho yariko aravurirwa mu bitaro Ampola Hospital biri mu karere ka Urban West muri Zanzibar, kw'igenekerezo rya 9 Ndamukiza (4).

Ariko aratangaza ivyavuye mu matohoza ku wa kane, icegera c'umuyobozi w'igisata kijejwe amatohoza y'ivyaha muri Zanzibar, Zuberi Chembera, yavuze ko umurwi ugira amatohoza wasanze, ata gukekeranya, Robinson yariyahuye, kandi ko ata wundi muntu yabigizemwo uruhara.

Chembera yagize ati: "Dufatiye ku ntahe zashinzwe hamwe n'isesangura ry'amaterefone n'ibindi bikoresho vy'itumatumanako vy'umuhisi, n'ivy'umukunzi wiwe bari biteguriye kwubakana, twasanze yari amaze igihe afise ihungabana ryo mu mutwe.

"Ubutumwa bagiye bandikiranira bwerekana ko yakunda kwidoga ku ngorane zari mu buzima bwiwe."

Iyi nkuru yaravuzweko cane ku mbuga ngurukanabumenyi inyuma y'aho hadutse amakuru atandukanye ku kuntu yapfuye.

Mu cegeranyo ca mbere, igipolisi cari cavuze ko Robinson yiyahuye inyuma y'ukutumvikana kwabaye hagati yiwe n'umukunzi wiwe Joseph McCann w'imyaka 45.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ni mu gihe ku mbuga ngurukanabumenyi hari hakwiragiye amakuru yavuga ko ashobora kuba yishwe na McCann.

Igipolisi caciye gitangura amatohoza yimbitse, gifata pasiporo ya McCann, kiranamwumviriza nk'uko bisanzwe bikorwa mu matohoza nk'ayo.

Abatohoza bavuga ko McCann na Robinson binjiye muri 'Zuri Hotel' ku wa 6 Ndamukiza, mu nyubakwa y'aho ifise inomero 25. Ku wa 8 Ndamukiza, hafi ku murango, habaye ukutumvikana hagati yabo, kuvamwo ugushwana kutatorewe inyishu.

Ubuyobozi bw'ihoteri bwarabimenyeshejwe, buca bwimurira McCann mu kindi cumba mu gihe bwariko bugerageza gutorera umuti ico kibazo.

Igipolisi kivuga kiti: "Ku wa 8 Ndamukiza hafi isaha zibiri z'ijoro n'iminota 55, umukozi wo kw'ihoteri yariko arakora ibikorwa bisanzwe vyo ku mugoroba, harimwo kugenzura ivyumba, yaragiye mu nyubakwa ifise inomero 25 asanga urugi rurugaye kandi n'icumba kiri mu mwijima."

Kibandanya kivuga ko uwo mukozi amaze kudodora incuro nyinshi ata wishura, yahavuye akoresha urufunguzo rwihariye rw'ihoteri kugira yinjire. Yakije amatara, ngo yumvise urwamo nk'urw'ikintu kiguye, aca abona Robinson arambaraye hasi atikakaza.

Igipolisi kivuga ko Robinson yariko yenena ku cuma kimanikwako impuzu, aho yari yimanitse akoresheje umukanda w'impuzu usanzwe uhabwa abashitsi mw'ihoteri.

Chembera yavuze ko igipolisi, mu matohoza cagize gifadikanije n'inzego zitandukanye, kitabonye ikimenyetso na kimwe cerekana ko hari uwundi muntu yagize uruhara mu rupfu rwa Robinson.

Umuryango wa Robinson hamwe na McCann ntibaragira ico bavuga ku vyashikirijwe n'igipolisi co muri Zanzibar.

Robinson na McCann bari bagiye muri Tanzania mu karuhuko no guhimbaza umusi w'amavuko wa Robinson ku wa 5 Ndamukiza. Kuri uwo musi nyene, McCann yari yamwambitse impeta amusaba ko boshinga urwabo, hasigaye iminsi ine gusa ngo apfe.

Ikiziga ca Robinson caciye gisubizwa muri Amerika ku wa 24 Ndamukiza, ibikorwa vyo kumusezera ubwa nyuma bikaba vyabereye mu ntara ya New Jersey ku wa 5 Rusama (5).